Uko wahagera

Papa Fransisiko Aratabariza Abimukira


Papa Fransisiko ariko avugisha abimukira bo mu Butariyano mu 2013
Papa Fransisiko ariko avugisha abimukira bo mu Butariyano mu 2013

Papa Fransisiko yarasabiye ku musi w’Imana abimukira baheruka guhitanwa n’amabombe yatewe mu kibanza gipfungiwemwo abimukira bafatwa bariko bagerageza kwinjira mu buryo bunyuranye n'amategeko ku mugabane wa Bulaya baciye muri Libiya. Yasavye ko hashirwaho uburyo bw’ugufasha abo bimukira kugira ibintu nk'ivyo ntibisubire kuba.

Igitero c’indege z’ingwano mu kibanza cari gipfungiwemwo abimukira bagwiriyemwo Abanyafrika ku murwa mukuru wa Libiya, Tripoli cabaye ku musi wa kabiri w’indwi iheze. Cahitanye abantu batari bake, abandi batari bake barakomereka.

Papa Fransisiko avuga ko amakungu adashobora gusabira ku bintu nk'ivyo. Yongeye asaba gusabira abo bose baguye mu bitero biherutse kuba mu bihugu vya Afuganistani, Mali, Burkina Faso na Nijeri.

XS
SM
MD
LG