Uko wahagera

Papa Francis Yipfuza Kugendera Sudani y'Epfo


Pope Francis na Prezida Kiir wa Sudani y'Epfo aho babonana i Vaticano

Umwungere wa Ekleziya katolika Papa Francis yatangaje kuri uno wa gatandatu ko yipfuza kugendera Sudani y’Epfo. Mu mubonano Papa Francis yagiraniye na Prezida Salva Kiir I vaticano yamubwiye ko urwo rugendo atavuze ryari ruzoba ari ikimenyetso cerekana ko ashigikiye amazeserano y’amahoro muri ico gihugu.

Muri uwo mubonano Papa Francis na Prezida Salva Kiir bagarutse ku kungene amasezerano y’amahoro yumvikanyweko n’impande zitandukanye azoshirwa mu ngiro, itahukanwa ry’impunzi n’abateshejwe izabo n’ivyerekeye iterambere rirama muri Sudani y’Epfo.

Itangazo ryasohowe na Vaticano inyuma y’uwo mu bonano rivuga ko izo ndongozi zanagarutse ku ruhara Ekleziya Katolika ishobora kuzogira mu bisata vy’indero n’ubuvuzi muri ico gihugu.

Intumwa idasanzwe ya Sudani y’Epfo muri ONU, David Shearer, mu ndwi iheze yijeje ko ata ntambamyi n’imwe abona kw’sihirwa mu ngiro ry’ayo masezeramo. Abasenyeri katolika muri ico gihugu bo yamara mu mpera z’ukwezi kwa kabiri bari bavuze ko ata cizere bafise kw’ishirwa mu ngiro ryayo kuko ku bwabo hakiri ukudadaza mu mpande zitandukanye.

Integuro y’amasezerano y’amahoro muri Sudani y’Epfo yasinywe mu kwezi kw’icenda mu 2018 aho Prezida Salva Kiir n’umukuru w’abarwanyi Riek Machar bahurira I Addis Abeba muri Etiyopiya. Bimwe mu vyo bumvikanye ico gihe hari mwo ugusangira ubutegetsi.

Uruhagarara rwa politike muri Sudani y’Epfo rwatanguye mu 2013 igihe Prezida Salva Kiir yagiriza Riek Machar yahoze ari icegera ciwe gushaka ku muvana ku butegetsi. Abagera ku bihumbi 38 ni bo bamaze gusiga ubuzima muri urwo ruhagarara rwangaje abaharurwa mu mamiriyoni ane.

Papa Francis mu ntango za 2017 yari yaravuze ko ashaka kugendera Sudani y’Epfo, Vaticano iheza itangaza ko kubera imvo z’umutekano urwo rugendo rwasibijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG