Uko wahagera

Papa Fransisiko Aritegurira Kugendera Afurika


Pope Francis ahezagira abana mui Centrafrika mu 2015
Pope Francis ahezagira abana mui Centrafrika mu 2015

Papa Fransisiko azogendera ibihugu vya Mozambike, Madagascar n’izinga rya Maurice mu ntango z’ukwezi kw’icenda uno mwaka. Ivyo vyatangajwe n’ibiro vyiwe i Vaticano kuri uno wa gatatu.

Ivyo biro vyamenyesheje ko mu rugendo rwiwe ruzoba hagati y’italiki 4 n’italiki 10 z’ukwezi kw’icenda azongendera imirwa mikuru y’ivyo bihugu uko ari bitatu.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, Prezida wa Mozambike, Filipe Nyusi, yatangaje ko igihugu ciwe catumiye Papa Fransisiko mu mwaka uheze ko yemeye mu gihe amagara yobimurekurira.

Ruzoba rubaye urugendo rugira kabiri rw’umupapa muri Mozambike kuva Papa Pawulo wa kabiri agendeye ico gihugu haraheze imyaka 30.

Igihugu ca Mozambike caranzwe n’ingwano hagati y’umwaka w’i 1977 n’umwaka w’i 1992. Prezida Nyusi avuga ko urugendo rwa Papa Fransisiko mu gihugu ciwe ruzobaha inguvu mu rugamba rwabo rw’uguhangana n’ibibazo vya misi yose.

Urugendo rwa Papa Fransisiko muri Mozambike ruzoba gatoyi imbere yuko ico gihugu gitunganya amatora mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG