Uko wahagera

Kuki ONU Idahuza ku Kwamagana Iyicwa ry'Abimukira muri Libiya?


Akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano kw'isi gakoranye.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ejo kuwa gatatu yarananiwe kwiyamiriza igitero ku kigo gifungiwemwo abimukira muri Libiya inyuma y’aho Reta zunze ubumwe z’Amerika zanse gushigikira urwandiko rwateguwe, nkuko abadiplomate babishikiriza.

Mu mwiherero wamaze amasaba abiri, urwandiko rwateguwe n’Ubwongereza rutera ivyatsi ico gitero begeka ku basirikare ba Khalifa Haftar, rusaba guhagarika no kugaruka ku biganiro vya poritike.

Ariko intumwa z’Amerika zabangiye kurwemeza, zivuga ko zirindiriye uburenganzira buva i Washington, inama irinda irangira rutemejwe, nkuko amakuru itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP rivuga ko ryaronse abivuga.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze ko ababajwe n’ubwo bwicanyi yongera asaba amatohoza ataho yegamiye kubabikoze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG