President Pierre Nkurunziza, ku musi wa kabiri yaragendeye igihugu ca Soamlia hamwe n’igihugu ca Republika ya Centre Africa.
Inyuma y’aho mu Burundi, abapolisi bataniye mu mitwe n’abanywanyi b’umugwambwe MSD, abarundi barabandanya gushikiriza ivyiyumviro vyabo kugira ng ivyashitse kw’igenekerezo ry’umunani ry’ukwezi kwa gatatu, ntibize bisubire gushika.
Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe imigenderanire n’amakungu, ku musi wa gatatu, bwarateye akamo abategetsi baserukira ibihugu vyabo hamwe n’abandi bose, kabasaba gushikiriza Alexis Sinduhije, abajejwe ubutungane.
Isinama yatunganijwe na Joseph Bitamba, irashobora kugira amahirwe yo kuronka agashimwe k’amasinema yatunganijwe neza kandi afise inyigisho nziza.
Umukuru w’umurwi mushasha urwanya ubutegetsi mu Burundi, Richard Ciramunda avuga kw’umurwi arongoye MNB- Movement National Burundais Abiguruburundi, wafashe ibigwanisho kugira ngo ugondoze reta avuga ko yamunzwe na ruswa kandi itwara nabi.
Agathon Rwasa arongoye uruhande rumwe n’umugambwe FNL avuga ko mu gihe uruhagarara ruri mu Burundi, rutorangira, hari aboshobora gufata ibigwanisho.
Abategetsi bajejwe umutekano mu Burundi bavuga kw’abajejwe umutekano bahagaritse abanyamanga barimwo abanyarwanda batatu, batagira uburenganzira bwo kuba bari mu Burundi.
Uruhagarara hamwe n’indyane ziri mu mugambwe Uprona, bisa n’ibitariko birarangira.
Umupfasoni Concilie Nibigira, yaraye yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Burundi mu mugambi wo kumumenyesha kw’ariwe akwiye kurongora uyo mugambwe.
Mu ndwi iheze, umushikiranganji w’Uburundi yaratangaje kw’ashize mu ngiro ingingo ya sentare ivuga kw’umukuru w’umugambwe Uprona yemewe n’amategeteko, ari Bonaventure Niyoyankana.
Inama nkuru zama zatunganijwe mu mugambi wo kurondera amahoro mu bihugu biri mu ntambara muri Afrika, zivugwako kwinshi.
Abarundi baba mu mahanga bize muri department y’Icongereza, baripfuza gutangura ishiramwe mu mugambi wo gufasha department bizemwo.
Abaganwa baherutse gutera akamo gasaba ko bohabwa ibibanza vya politike.
Ingwano zirabica bigacika mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko hamwe no muri Republika ya Centre Africa.
Kw’igenekerezo ry’icumi ry’uku kwezi kwa cuni na kabiri, niho igihugu ca Afrika y’Epfo casezera nyakwigendera Nelson Mandela, yitavye umuremyi.
Ishirahamwe CEDAC n’ishirahamwe ridaharanira amatungo, ryashinzwe mu mwaka w’2005 i Bujumbura mu Burundi.
Inyuma y’aho amasezerano yategerezwa guterwago igikumu asibiye ku musi wa mbere, abakwirikirana politike yo mur’ako karere, bavuga kw’atacabatangaje.
Kw'igenekerezo rya 31 ry’ukwezi kw’icumu, ikigo Shalom ca Marguerite Barankitse carahimbaje imyaka 20.
Ku wa 21, ukwezi kw’icumi mu mwaka w’1993, niho president wa mbere w’Uburundi yatowe n’abanyagihugu, Melchior Ndadaye, yagandagurwa.
Voma ibindi