Uko wahagera

Isinema Tambours Sacres, Yarashizwe Ku Rutonde Rw’Amasinema Ashobora Kuronka Agashimwe


Diane kaneza
Diane kaneza

Isinama yatunganijwe na Joseph Bitamba, irashobora kugira amahirwe yo kuronka agashimwe k’amasinema yatunganijwe neza kandi afise inyigisho nziza.

Umushingantahe Joseph Bitamba arashima kubona isenema yatunganije ishirwa ku rutonde rw’amasinema ashobora gutahukana agashimwe mu gihugu ca canada. Avuga kandi kw’iyo ntambwe yamunezereje cane ku buryo naho ako gashimwe katoboneka, iyo sinema izoba yabonywe n’abantu benhi cane.

Vongeye, iyo sinema imaze guhabwa ikibanza nk’ico, izofasha n’abandi barundi bamaze gushika ku ntambwe iboneka mu vyerekeye gutunganya amasinema.

Aho iyo nkuru itangarijwe twaravuganye na Bitamba Joseph ; Eddy Munyaneza hamwe na Diane Kaneza, nabo nyene basanzwe bakora ibikorwa vyo gutunganya no gufasha mu vyerekeye amasina.

Mushobora kwumviriza ikiganiro twagiranye, aho Josph Bitamba atangura avuga akanyamuneza yumvise igihe yamenyeshwa kw’isinema yiwe yatowe mu zindi nyinshi.

Tubatege amatwi :
please wait

No media source currently available

0:00 0:29:36 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG