Mur’iyi misi rero nk’uko twabibamenyesheje, twaraganiye n’abatgetsi bakoranye na nyakwigendera Melchior Ndadaye, turaheza turababaza ibibazo bitandukanye vyerekeye ukuntu abarundi bahekuwe kur’uyo musi, n’ikintu cokorwa kugira ngo abarundi barekuriranire bongere bagire umuziro inyifato yo kugandagura abategetsi babo.
Umwe mur’abo bategetsi twaganiriye ni Jean Marie Ngendahayo yigeze kuba umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru hamwe n’umushikiringanji yar’ajejwe imigenderanire.
Umushingantahe Jean Marie Ngendahayo avuga kw’ubwicanyi bwabaye mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 21 ry’ukwezi kw’icumu mu mwaka w’1993 bwahitanye ubuzima bw’umukuru w’igihugu, bwabaye ihonyabwoko ryakorewe abategetsi barongoye umugambwe Frodebu.
Aratera akamo kandi gasaba abarundi kuvuga ukuri ku vyago vyose vyashikiye Uburundi kugira bashobore gushika ku nzira nyakuri yo kurekurirana:
Mushobora kwumviriza ikiganiro yagiranye na Frederic Nkundikije.