Uko wahagera

Abategtsi Bo Mu Burundi, Bateye Akamo Gasaba Gushikiriza Alexis Sinduhije


Daniel Kabuto
Daniel Kabuto

Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe imigenderanire n’amakungu, ku musi wa gatatu, bwarateye akamo abategetsi baserukira ibihugu vyabo hamwe n’abandi bose, kabasaba gushikiriza Alexis Sinduhije, abajejwe ubutungane.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Daniel Kabuto avuga kw’ako kamo katewe kugira ngo umuntu, uwariwe wese, yoha ahaye indaro canke ahishije Alexis Sinduhije, amenye kw’ubutungane buzomucira urubanza hakwirijwe amategeko yo mu Burundi, kandi kw’abafise amakenga kw’ubuzima bwiwe bwohava bugeramirwa canke agakubagurwa, bakwiye gushira umutima mu nda kuko Uburundi bwisunga amateko kandi bwafuse igihano co kwica.

Umushingantahe Kabuto avuga kandi ko mu gihe Alexis Sinduhije yoba amaze guhungira hanze y’igihugu, ubushikiranganji bujejwe ubutungane bwiteguriye gusohora umutahe wo kumuhagarika kugira ngo akubitwe intahe mu gahanga.

Mushobora kwumviriza ikiganiro:
XS
SM
MD
LG