Uko wahagera

Abaganwa, Barasaba Gufatwa Nk’Abandi Barundi Mu Vyerekeye Politique


Deo Hakizimana
Deo Hakizimana

Abaganwa baherutse gutera akamo gasaba ko bohabwa ibibanza vya politike.

Ako kamo karavuzweko ibitari bike n’abarundi batandukanye. Hari abavuga kw’abaganwa badakwiye gufatwa nk’uwundi murwi utandukanye n’abandi barundi, ngo kuko n’imirwi ihari itorohereza ikibazo c’indyane zifatiye ku muko.

Bavuga kw’ahubwo, abarundi bakwiye gushira imbere ingendo yotuma bose bitwa abarundi, aho gushaka kwongeramwo imirwi, ataco yungura, atar’ugutandukanya abarundi.

Hariho n’abashigikiye kw’abaganwa, baba umurwi utandukanye n’abandi barundi, kandi ukwiye guhabwa uburenganzira, iyi mirwi yose yo mu Burundi- yaba imirwi y’ubwoko canke imirwi ifatiye ku gitsina- ifise.
XS
SM
MD
LG