Uko wahagera

Umuti w'Amatati y'Ivyavuye mu Matora ya Congo Uzova he?


Abanyagihugu bashigikiye Martin Fayulu mu myiyerekano
Abanyagihugu bashigikiye Martin Fayulu mu myiyerekano

Ibihugu vyo karere k'ibiyaga binini n’ibigize ishirahamwe rijejwe iterambere ry’ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afurika, SADC, bisaba ko amajwi y'ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo asubira guharurwa.

Mu itangazo rusangi ivyo bihugu vyasohoye kuri uno wa Mungu vyasavye ko hoshingwa Reta y’ubumwe mu ntumbero yo kwirinda ko umutekano wohungabana.

Ivyo bihugu vyahamagariye muri iryo tangazo Reta ya Perezida Joseph Kabila igiye kuva ku butegetsi gutorera inyishu biciye mu mwumvikano amatati n’amakenga atera yiyongera ku kuri kw’ivyavuye mu matora.

Felix Tshisekedi ni we yatangajwe ko yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu. Yamara Martin Fayulu bahiganwa na Tshisekedi yitwaye muri sentare avuga ko ari we yatsinze, amwagiriza kuba yoba yaragiranye amasezerano na Reta ya Kabila kugira imwibire amajwi.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter Martin Fayulu yashimiye SADC kw’itangazo ryayo ryo gusaba ko amajwi yongera gusubira guharurwa.

Urunani rw’abatavuga rumwe na Reta ruyobowe na Martin Fayulu ku wa gatanu rwatangaje ko bisunze ibiharuro vy'indorerezi za Ekleziya Katorika, Fayulu yatowe ku majwi 61 kw’ijana ,Tshisekedi nawe aronka 18 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG