Uko wahagera

Impari ku Matora ya Congo Hagati ya Katorika n'Abashigikiye Reta


Abanyekongo mu myiyerekano i Johannesburg baririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Congo, basaba Perezida Kabila kuva ku butegetsi.
Abanyekongo mu myiyerekano i Johannesburg baririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Congo, basaba Perezida Kabila kuva ku butegetsi.

Ishirahamwe ry’abakatolika ryateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza Perezida Joseph Kabila wa Congo mu 2017 no mu 2018 kuri uno wa mbere ryatangaje ko ryiyamirije gukorana hagati y'umurwi utegura amatora, CENI, n'urunani rw'imigambwe ishigikiye ubutegetsi, FCC.

Ku bw'abo ba Katorika ugukorana hagati ya CENI na FCC ni vyo vyatumye ibiharuro mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yo ku wa 30 ukwezi kwa cumi na kabiri bidashirwa ahabona kuri uno wa Mungu nkuko vyari bitegekanijwe.

CENI yasiguye ko ivyo bitigiri bitatangajwe kubera icegeranya amajwi yo mu mihingo yose. Nta sango rya ryari bizoshirwa ahabona riramenyekana.

Urwego rukuru rw’abepiskopi mu gihugu, CENCO, ruvuga ko rufatiye ku vyegeranyo rukesha indorerezi ibihumbi 40 rwari rwarungitse gukurikirana amatora ruzi neza uwatahukanye intsinzi.

Urunani rw’imigambwe icuditse n'ubutegetsi, FCC, rwagirije CENCO kurenga kw’ibwirizwa shingiro mu kuvuga ko bazi uwatsinze. CENI yari yasavye abasenyeri bagize urwo rwego kubeshuza icese ivyo batangaje.

Komite y’abalayike mw'itangazo ryabo ryo kuri uno wa mbere bavuze ko kwifatira mu gahanga abepiskopi ku buryo budasobanutse ari ikimenyesto c'uko CENI iriko ikorera kugitsure ca Reta.

Abo balayike basavye abepiskopi kudacika intege bakabandanya bashigikira ukuri n'ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG