Reta zunze ubumwe z’Amerika zisaba Republika iharanira demokarasi ya Congo gusohora ibiharuro nyakuri vyavuye mu matora kandi igabisha gufatira ibihano uwo wese ariko agerageza kubangamira demokarasi.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwa Amerika Robert Palladino, yashikirije ejo kuwa kane ko ababangamira amahoro n’umutekano muri Congo canke abakira ibiturire bazobuzwa kwinjira muri Amerika kandi bahagarikirwe ubutunzi bwabo.
Umukuru wa komisiyo y’amatora muri Congo, Corneille Nangaa yabwiye abamenyeshamakuru i Kinshasa ko gutangaza ivyavuye mu matora bishobora kuzokwigizwayo bivanye nuko guharura amajwi bitihuta.
Bitegekanijwe ko ku musi w’Imana ariho ivyayavuyemwo bizotangazwa, umukuru w’igihugu mushasha akazorahira kw’italiki 15 z’ukwezi kwa mbere.
Facebook Forum