Uko wahagera

RDC: Ambasade Isaba Abanyamerika Kuva muri Congo


Ibinyamakuru bitangaza amakuru y'amatora, Kinshasa, RDC, italiki 09/01/2019.
Ibinyamakuru bitangaza amakuru y'amatora, Kinshasa, RDC, italiki 09/01/2019.

Reta zunze ubumwe za Amerika muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo ihanura Abanyamerika kuva muri ico gihugu, mu gihe abategetsi baco bari mu myiteguro yo gutangaza ivyavuye mu matora.

Ambasade y'Amerika i Kinshasa yatangaje ku rubuga rwayo rwa Internet kuri uyu wa gatatu ko Abanyamerika muri Congo bakwiye kwitegura kuva mu gihugu batarinze gusaba imfashanyo ya reta ya Amerika. Ubwo butumwa busaba Abanyamerika kwirinda kuja mu makoraniro no mu myiyerekano, kandi bagume bagavye ko ibintu bishobora kuyangara.

Komisiyo y’amatora muri Congo yari yashikirije ko izotangaza ivyavuye muri ayo matora kw’italiki ya 30 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Abaporisi bacungera imyiyerekano batanguye kwipanga ku cicaro gikuru ca komisiyo y’amatora i Kinshasa kuri uyu wa gatatu ku muhingamo, mu gihe iyo komisiyo yemeye ko ihava itangaza ivy’imfatakibanza mu vyavuye mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG