Uko wahagera

Congo: Internet Izoguma Yugaye Gushika Hamenyekanye Uwatsinze


Perezida wa Congo Joseph Kabila na madamu wiwe bariko baratora igenekerezo rya 30/12/2018
Perezida wa Congo Joseph Kabila na madamu wiwe bariko baratora igenekerezo rya 30/12/2018

Ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Congo buracugaye internet mu gihugu cose mu gihe abanyagihugu barindiriye ivyavuye mu matora yo ku munsi wa Mungu yaranzwe n'akajagari mu turere tutari duke.

Umuhanuzi wa Perezida Joseph Kabila, Barnabe Kikaya bin Karubi, yasiguye ko Reta yugaye internet n'imbuga zose ngurukanabumenyi mu ntumbero yo kwirinda imigumuko, inyuma yaho hari amakuru y'ibihuha y'ivyavuye mu matora yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi.

Bitegekanijwe ko ivyavuye mu matora bitangazwa igenekerezo rya 15 k'uno kwezi kwa mbere umukuru w'igihugu mushasha nawe akarahira itariki 18. Baba abatavuga rumwe na Reta co kimwe n'abashigikiwe n'ubutegetsi bose bavuga ko bizeye intsinzi.

Mu gihe amatora mu turere tuvugwamwo Ebola n'umutekano muke nka Beni, Butembo na Yumbi yungururijwe mu kwezi kwa gatatu uno mwaka, abasesanguzi muri politike bavuga ko bishobora kuzokwega amatati na rirya azotunganywa umukuru w’igihugu mushasha yahejeje kurahira.

Ubutegetsi bwa Congo bwatangaje ko internet n'imbuga zicishwako amakuru bitariko birakora kuva kuri uno wa mbere bizoguma vyugawe gushika ivyavuye mu matora bitangajwe.

Hambavu ya internet yaciwe muri Congo, n'iradiyo mpuzamakungu y'Abafaransa RFI Abanyekongo batari bake bakurako amakuru yarugawe.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG