Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo, CENI, watangaje ko amatora yo kuri uno wa Mungu mu turere tuvugwamwo umutekano muke yungururijwe mu kwezi kwa gatatu mu 2019.
Mw’itangazo CENI yashize ahabona kuri uno wa gatatu yavuze ko uturere twegwa n’iyo ngingo ari Beni na Butembo, uturere duherereye mu ntara ya Kivu y’amajaruguru hamwe n’akarere ka Yumbi gaherereye mu ntara ya Maï-Ndombe.
CENI yemeje muri iryo tangazo ko amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abakuru b’intara mu tundi turere ata gisivya azoba kw’igenekerezo rya 30 k’uno kwezi, ivyayavuyemwo bigatangazwa igenekerezo rya 15 ukwezi kwa mbere, umukuru w’igihugu mushasha nawe akarahira itariki 18.
Abanyagihugu bo mu turere amatora yegejwe inyuma biyandikishije kuzotora barenga imiriyoni imwe n’ibihumbi amajana abiri. Muri rusangi CENI ivuga ko abiyandikishije kugira bazotore ku rwego rw’igihugu bagera ku miriyoni 40.
Mu gihe ibwirizwa nshingiro rya Congo ritegekanya ko amatora abera rimwe mu gihugu cose abasesanguzi muri politike bavuze ko ukwegeza inyuma amatora mu turere twa Beni, Butembo na Yumbi bishobora kuzotera ikibazo na rirya azotunganywa umukuru w’igihugu mushasha yahejeje kurahira nkuko ikirangaminsi gishasha CENI yashize ahabona kibitegekanya.
Amatora muri Congo vyari bitegekanijwe ko aba igenekerezo rya 23 k’uno kwezi kwa cumi na kabiri, ahava yungururizwa ku rya 30 bivuye ku ma mashini yahiye. Akimara kwegezwa inyuma, kiliziya gatolika, abari mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike n’abatavuga rumwe na Reta bari basavye ko igenekerezo rya 30 ryoba ntabanduka ku neza ya Congo.
Facebook Forum