Uko wahagera

Kongo: Amakenga ku Vyuma Bizokoreshwa mu Matora


Bamwe mu bari mu muhari LUCHA mu kwezi kw'indwi aho bari ahakorera CENI ya Kongo
Bamwe mu bari mu muhari LUCHA mu kwezi kw'indwi aho bari ahakorera CENI ya Kongo

Polisi ya Kongo kuri uno wa mbere yaburijemwo imyiyerekano y'abanyagihugu bo mu gisagara ca Kinshasa bari bazindutse biha amabarabara mu ntumbero yo kwiyamiriza ivyuma bizokoreshwa mu matora yo mu kwa cumi na kabiri.

Umuhari witwa LUCHA uharanira ihinduka mu gihugu, uvuga ko ivyo vyuma vyakorewe mu gihugu ca Koreya y’Epfo vyoroshe ko bikoreshwa amanyanga yo kwiba amatora.

Igipolisi ciyemereye ko cafashe abanyamuhari ba LUCHA bagera kuri mirongo ibiri na babiri mu gisagara ca Kinshasha, aho bari kw’irembo ry’ibiro vy’igihugu bijejwe amatora ahari gutangurira iyo myiyerekano. Abo banywanyi ba LUCHA bahavuwe barekurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG