Uko wahagera

Ekleziya Katorika muri Kongo Isaba ko Amatora Atokongera Gusiba


Musenyeri Fridolin Ambongo
Musenyeri Fridolin Ambongo

Mu gihe hari icuka kibi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, abihebeye Imana barateye akamo k’ amahoro igihe bariko barasoma imisa yo mw’ijoro rya Noweri ku murwa mukuru Kinshasa.

Musenyeri aheruka kugenwa Fridolin Ambongo yateye akamo Reta ya Perezida Joseph Kabila kayisaba gukoresha amatora kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na kabiri nk’uko vyatangajwe mu ndwi iheze.

Yarakomewe amashi mu butumwa yashikirije muri Katedrali “Notre Dame” y’i Kinshasa.

Yaratangaje ko amahoro y’ukuri yiyamiriza ukwigungirako, kuraba intara n’ubwoko umuntu avamwo, amacakubiri n’ibindi bitandukanisha abanyekongo. Yavuze ko iki ari igihe gihambaye mu mateka y’igihugu.

Yarasavye kandi abantu bose kwigenza gishingantahe kwiyamiriza uruhagarara n’ubwicanyi kugira amatora yo kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na kabiri abe mu mahoro no mu mutekano.

Ekleziya Katolika yo muri Kongo yamye ishigikira demokarasi mu gihugu.

Ekleziya Katolika yaragize uruhara mu biganiro inyuma y’uko Kabila yanse kuva ku butegetsi, igihe yari yarangije ikiringo ciwe mu mwaka w’i 2016.

Musenyeri Fridolin Ambongo yatangaje ko amahoro y’ukuri asaba ko ibivuye mu matora igihe bitangajwe vyerekana ivyiyumviro vy’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG