Uko wahagera

Amatora muri Congo Yoba Yabayemwo Utunenge Twinshi


Perezida Joseph Kabila yagiye gutora i Gombe, Kinshasa, RDC, italiki 30/12/2018.
Perezida Joseph Kabila yagiye gutora i Gombe, Kinshasa, RDC, italiki 30/12/2018.

Amamiliyoni y’abanyagihugu muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo kuri uyu w'Imana bazindukiye mu matora yamyemwo impari agitegurirwa kandi yabayemwo ibibazo vy’ubuhinga vyagaragaye mu bice bitari bike, hamwe n’abagirizanya ubusuma bw’amajwi.

Mu gihe umusi w’itora waranzwemwo akajagari, ishavu, amamiliyoni y’abanyagihugu ku rutonde rw’imiliyoni 40.

Aya matora abaye akaryo ka mbere ko guhanahana ubutegetsi mu mahoro ico gihugu cinjiyemwo inyuma y’imyaka 60 gishikiriye intahe yo kwikukira.

Ku murwa mukuru Kinshasa, ugucerwa kwugurura ibiro vy’amatora vyateye ishavu mu banyagihugu bituma baririmba imvyino ziyamiriza umukuru wa komisiyo y’amatora bamusaba gutanga imihoho. Ibitigiri bitaramenyekana vy’ibiro vy’amatora vyuguruye bitevye mu gitondo co kuw’Imana kandi vyugara bitevye kugira abari ku mirongo barindiriye bashobore gutora.

Abakandida babiri baza hejuru y’abandi, uwatanzwe n’umugambwe uri ku butegetsi Emmanuel Ramazani Shadary n’uwatanzwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi Martin Fayulu bose batoreye i Kinshasa.

Fayulu, asanzwe ari musha muri politike, niwe ahabwa amahirwe yo gutahukana intsinzi, nkuko ivyiyumviro vya politike biheruka gutororokanywa mu banyagihugu bubahwa hamwe n’amakungu abivuga.

Ariko, iyo mirwi ivuga ko raporo zabo zokwemezwa mu gihe ibiva mu matora vyoba vyemewe na bose kandi bikagaragara ko ayo matora ataho yahengamiye, ivyo indorerezi z’amatora bavuga ko bidashoboka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG