Uko wahagera

USA Ntishigikiye Amatora mu Buhinga bwa None muri RDC


Nikki Haley, Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU.
Nikki Haley, Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU.

Reta zunze ubumwe z’Amerika gitangaza ko kidashigikiye umugambi wa Republika iharanira demokarasi ya Congo wo gutunganya amatora hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa mbere na Ambasaderi w'Amerika muri ONU, Nikki Haley, mu nama ya ONU yari ihariwe amatora muri RDC.

Haley avuga ko gukoresha ubwo buhinga bishobora kwunyura ibintu, agasaba ko hokoreshwa amakarata akozwe mu nkaratasi kugira haveho ukwikeka ku bibaza ko amatora ashobora kwibwa.

Mur’iyi nama, umukuru w’umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora muri RDC, Corneille Nangaa, yari yatumiwe i New York, yavuze ko imiliyoni 46 z’Abanyekongo bamaze kwiyandikisha mur’ayo matora.

Nangaa asigurira ONU avuga ko gukoresha ubuhinga bwa none bizotuma ibikoresho vy’amatora vyunguruzwa mu bibanza vy’amatora bigabanuka kuva ku matoni 16.000 gushika ku 8.000. Avuga kandi ko n’uburyo bw’amafaranga azokoreshwa buzogabanuka kuva ku madolari y'Abanyamerika imiliyoni 554 gushika kuri 432.

Igihugu ca Côte d'Ivoire cagabishije ko mu gihe amatora atotegurwa neza vyogira ingaruka mbi. Ubuholande bushikiriza ko bwubahiriza ingingo ya CENI yo gukoresha imashine z’ubuhinga bwa none ariko busaba kubanza kuzobugerageza imbere, kugira bamenye neza ko ata ngorane bazohura nazo.

Amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka hamwe n’ay'abakuru b’intara ategekanijwe kw’itariki ya 23 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG