Uko wahagera

RDC: Félix Tshisekedi Yatangajwe ko ari Prezida Yatowe


Felix Tshisekedi, arongoye umugambwe UDPS muri Republika iharanira demokarasi ya Congo
Felix Tshisekedi, arongoye umugambwe UDPS muri Republika iharanira demokarasi ya Congo

Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo arongoye umugambwe UDPS Union pour la Démocratie et le Progrès Social utavuga rumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Congo niwe ahejeje gutangazwa na Komisiyo ijejwe gutunganya amatora ko yatsindiye amatora y’umukuru w’igihugu mu biharuro vy’imfatakibanza vyatangajwe mu masaha ya sa kumi z’agatondo kuri uyu wa kane.

Agiye gusubirira Joseph Kabila amaze imyaka 18 ku butegetsi, muri Republika iharanira demokarasi ya Congo.

Ivyo bitangajwe mu gihe ambasade ya Reta zunze ubumwe za Amerika muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo yahanuye Abanyamerika kuva muri ico gihugu, mu gihe abategetsi ba Congo bari bakiri mu nteguro yo gutangaza ivyavuye muri ayo matora.

Ambasade i Kinshasa yatangaje ku rubuga rwayo rwa Internet kuri uyu wa gatatu ko Abanyamerika muri Congo bakwiye kwitegura kuva mu gihugu batarinze gusaba imfashanyo ya reta ya Amerika.

Ubwo butumwa busaba Abanyamerika kwirinda kuja mu makoraniro no mu myiyerekano, kandi bagume bagavye kuko ibintu bishobora kuyangara.

Abaporisi bacungera imyiyerekano batanguye kwipanga ku cicaro gikuru ca komisiyo y’amatora i Kinshasa kuri uyu wa gatatu ku muhingamo, mu gihe iyo komisiyo yemeye ko ihava itangaza ivy’imfatakibanza mu vyavuye mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG