Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwiteguriye Guhagarika Ibihano ku Burundi


Prezida Evariste Ndayishimiye mu mubonano yagiranye n'uwuserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi Claude Bochu
Prezida Evariste Ndayishimiye mu mubonano yagiranye n'uwuserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi Claude Bochu

Umuryango w'ubumwe bwa Buraya umwanya n'umwanya ushobora guhagarika ibihano wafatiye Uburundi kuva mu 2016. Vyemejwe na Ambasaderi Claude Bochu aserukira uwo muryango mu Burundi inyuma y'umubonano yagiranye na Prezida Evariste Ndayishimiye.

Ambasaderi Bochu mu majambo yiwe yabwiye abamenyeshamakuru ati:" Nari naje kumuha amakuru y’umushuhira ko hari ingamba zafashwe n’imirwi itandukanye ihurikiyemwo ibihugu 27 bigize ubumwe bwa Bulaya kubijanye n’Uburundi.

Mu mpera z’ukwezi guheze, iyo mirwi n’umutima umwe yafashe intumbero yo gukora ku buryo hafutwa ingingo yahagarika imfashanyo zahabwa Reta y’Uburundi. Ni intambwe ikomeye, kandi ihambaye mu myumvire y’abashikiranganji b’ibihugu vya Bulaya hamwe n’ibisata bitandukanye. Bose barakurikiranye ivyabaye mu Burundi. Izi ngingo rero zifatiye ku mpiduka nziza zashizweho n’umukuru w’igihugu mu vyerekeye intwaro ibereye, igihugu kigengwa n’amategeko hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.

Uyu mubonano wahuriranye n’ikete amashirahamwe mpuzamakungu 12 arimwo mpuzamakungu yandikiye Ubumwe bwa Buraya, abwagiriza gushaka kwirengagiza amabi akorwa mu Burundi hamwe n'ukudahana gukomeza kwibonekeza muri ico gihugu. Mu rwandiko yasohoye kuri uyu wa mbere, ayo mashirahamwe yemeza ko n'ubwo hari utwigoro turiko turakorwa ku ntwaro ya prezida musha Evariste Ndayishimiye hakiri amabi menshi mu bisata bitandukanye n'ukutihanganira abantu bose bafise ivyiyumviro bitandukanye n'ivy'umugambwe uri kubutegetsi.

Rimwe ryose muri aya 12 rifise ico rifatirako kuri izo mpungenge. Nka CPJ ryishinze gukingira abamenyeshamakuru ryisunga agateka k’abamenyeshamakuru ryagize riti: " Kubijanye n’itangazamakuru twabonye iyugururwa ku rugero ruto cane ry’ibinyamakuru vyugawe muri 2015. Ijwi ry’Amerika na BBC biracugaye.

Kubwa CPJ kandi turarajwe ishinga n’ukubona ata matohoza yigeze aba yizewe kw’izimanagana ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikimenyeshamakuru Iwacu. Mu vyo twatohoje abamenyeshamakuru baraterwa ubwoba, barasugerezwa n’indongozi mu ntwaro, n’abo mu mugambwe uri kubutegetsi.

Uruhara rw’abanyamakuru kuri kahise batohoza ku bwicanyi, ukurya ibiturire n’ibindi bintu bikomeye bifitiye akamaro Abarundi, biboneka neza ko ubwo bwisanzure atabwo bagifise. Kandi ubumwe bwa Buraya ntibushobora kwirengagiza ukwo kuri”, ni ko Tom Gibson aserukira CPJ i Bruxelles yabwiye Ijwi ry’Amerika.

Lewis Mudge aserukira Human Rights Watch muri Afrika yo hagati we agaruka ku bindi bituma. Mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika yagize ati: "Kubwa Human Rights Wacth, ubwicanyi n’ayandi mabi bibwirizwa guhagarara ababikora bagashengezwa mu butungane. Ibinyamakuru vyo mu gihugu na mpuzamakungu, amashirahamwe yigenga, umugwi wa ONU utohoza ku Burundi, bategerezwa guhabwa uruhusha rwo gukora bidegemvya mu gihugu. Niba ataco Reta yiyotsa nk’uko Reta ivyemanga, kubera iki abategetsi banse kuva kw’izima bakanka ko hagira n’umuntu wa kirazira aja gucungera uko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu Burundi?”.

Naho Claude Bochu aserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi amaze amezi atanguye ibiganiro na Reta, yemeza ko hari intambwe yatewe mu Burundi, yavuze ko utundi twigoro tugikenewe kandi tuzakiranwa yompi. Ashimangira ko ibiganiro hagati ya Reta n’ishirahamwe aserukira mu Burundi ari vyo soko y’ino ntambwe. Mu majambo yiwe, Bochu yagize ati: " Hari intambwe ikenewe yatewe n'iyo migwi ibiri navuze y’i Bruxelles ariko ivyo ntibihagije. Hategerezwa kuba urwandiko rw’abanyamategeko rukanemezwa. Bizosaba igihe ariko ica ngombwa n’uko gari ya moshi yamaze kuva mu gituro, yahagurutse”

N’ubwo ibihano vy’ubumwe bwa Bulaya bitarakurwa, Uburundi mu kiringo c’umwaka Evariste Ndayishimiye amaze ari ku butegetsi bumaze kwinjiza ibitego vyinshi. Ntibukiri ku rutonde rw’ibihugu bisuzumwa n’akanama ka ONU kajejwe umutekano kandi, akanama k’amahoro n’umutekano k’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko nabo basavye ko ibihano vyose vyafatiwe Uburundi vyovanwaho.

Uburundi bwari bwahariwe ivomo n’amakungu kuva muri 2015 igihe nyakwigendera Pierre Nkurunziza yitoreza ikindi kiringo cateye impari abatavuga rumwe na CNDD FDD, umugambwe uri ku butegetsi, bemeza n’ubu ko cahonyanze ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha yawushikanye ku butegetsi muri 2005, inyuma y’imyaka irenga cumi uri mw’ishamba ugwanya ubutegetsi bw’ico gihe.

ONU yavuze ko indyane zo muri 2015 zahitanye n’imiburiburi abantu 1200, ibihumbi biburirwa irengero mu gihe igice c ’umuriyoni bari bahungiye mu bihugu vy’akarere, ubu hasigaye abababa 300.000.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

Ubumwe bwa Buraya Bwoba Bugiye Gufuta Ibihano ku Burundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:01 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG