Uko wahagera

Amerika Isanga Kuva mu 2015 Icuka Cakomeje Kuba Kibi mu Burundi


Perezida wa Amerika Donald Trump
Perezida wa Amerika Donald Trump

Ibiro vya Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika vyamenyesheje inama nshingamateka y’ico gihugu ko ingingo ishira Uburundi mu bihe bidasanzwe ibandanya.

Ni ingingo yafashwe biciye mw’itegeko rya perezida w’Amerika nimero 13712, ryasinywe itariki 22 z’ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2015.

Mw’ikete ryarungikiwe inama nshingamateka, perezidansi ya Amerika yasiguye ko ibihano Amerika yafatiye Uburundi kuva mu 2015 bibandanya bivuye ku “bwicanyi n’ayandi mabi akorerwa abanyagihugu, uguta mu mvuto bamwe n’abandi, amajambo abiba urwanko, gucanamwo n’ukutihanganirana mu vya politike” Amerika yemeza ko bikivugwa muri ico gihugu.

Ku bwa perezidansi y’Amerika, ico cuka kirabangamiye amahoro, umutekano n’iterambere rirama vy’Uburundi n’akarere burimwo.

Reta zunze ubumwe z'Amerika ibicishije muri iryo kete yemeje ko umutekano wayo na politike yayo mu makungu na vyo bibangamiwe n’ico cuka. Ari na co gituma Amerika ikomeza ingingo yafashe yo kwama igavye mu ntumbero yo guhangana n’ibibazo vy’umutekano muke mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG