Uko wahagera

Amerika Ikomeje Guhangayikishwa n'Umutekano Muke mu Burundi


Perezida wa Amerika Donadl Trump
Perezida wa Amerika Donadl Trump

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zongereje ikiringo c’umwaka umwe itegeko rya perezida wa Amerika nimero 13712 ryasinywe itariki 22 z’ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2015.

Iryo tegeko ryashira Amerika mu rwego rw’ibihugu biri mu bihe bigoye kandi bihanzwe bivuye ku mutekano muke mu Burundi, ubwicanyi, ihohoterwa rya kiremwa muntu, iburabuzwa rifatiye ku mvo za politike n’ayandi mabi ku bwa Amerika abangamiye amahoro n'umutekano vy'Uburundi n’akarere burimwo.

Muri iryo tegeko rishasha ryashizweko igikumu na Perezida Donald Trump kuri uno wa gatanu, Amerika isigura ko ivyo bibazo vyose bikivugwa mu Burundi kandi bishobora kubangamira umutekano na Politike mpuzamakungu vya Reta Zunze Ubunwe za Amerika

Amerika itomora muri iryo kete ko kubera izo mvo, ingingo yafashe yo kwama igavye mu ntumbero yo guhangana n’ibibazo vy’umutekano muke mu Burundi yongewe ikiringo c’umwaka umwe kuva kw’igenekerezo rya 22 z’uku kwezi kwa cumi na rimwe.

Perezida Donald Trump yasozereye ikete ryiwe avuga ko itegeko nomero 13712 ribwirizwa kongera gutangazwa mu gitabo c’ububiko bw’igihugu kandi rikarungikirwa inama nshingamateka na nkenguzamateka vya Amerika.​

Agace k'itegeko rya Trump ku Burundi
Agace k'itegeko rya Trump ku Burundi

​​

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG