Uko wahagera

UE Yagumije Ibihano ku Bategetsi Begereye Perezida w'Uburundi


Gervais Ndirakobuca ari mu bagumijweko ibihano
Gervais Ndirakobuca ari mu bagumijweko ibihano

Ubumwe bwa Bulaya bwafashe ingingo yo kugumiza ibihano ku bategetsi babiri begereye umukuru w’igihugu c’Uburundi Perezida Evariste Ndayishimiye. Umwe ni Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika atwara ubushikiranganji 3 bukomeye bwashizwe hamwe, ari bwo ubw’Intwaro yo hagati mu gihugu, Umutekano n’Iterambere ry’abanyagihugu. Uwundi ni Godefroid Bizimana, umuhanuzi mukuru wa Perezida mu vyerekeye ingendo. Yahoze ari umuyobozi mukuru w’igipolisi.

Ni ibihano bari bafatiwe mu mwaka w’i 2015 bibabuza guhonyoza ikirenge mu bihugu vyose vya Bulaya na Amerika. N’amatungo bafiseyo yarafashwe. Bagirizwa ko bagize uruhara rukomeye mu bwicanyi n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kuva muri 2015. Gusa ntawe igitigiri c’amatungo yafashwe ingene angana.

Itangazo ryashizwe ahabona n’Ubumwe bwa Bulaya, Ijwi ry’Amerika, rifitiye ikopi, rivuga ko ibihano vyari vyafatiwe ivyo bihangange bibiri mu gipolisi c’Uburundi ata mpamvu n’imwe ihari yo kubikuraho.

Uwundi mutegetsi muri reta ya Prezida Ndayishimiye ari ku bihano mpuzamakungu ni umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, yahoze ari umushikiranganji w’umutekano. Uyu yafatiwe ibihano nk’ivyo na Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Ivyo bihugu vya rutura vyagiriza abo bategetsi ko bagize uruhara rukomeye mw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ubwicanyi vyakurikiye ugushaka kw’itoreza ikindi kiringo kuri Nyakwigendera Prezida Petero Nkurunziza mu mwaka w’i 2015. Uretse abantu ku giti cabo, n’igihugu kiracari ku bihano vy’ubutunzi cafatiwe n’ibihugu vya Bulaya.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, yagize icavuga kuri izo ngingo zose. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Ambasaderi Albert Nshingiro yavuze ko agiye kuganira n’Ubumwe bwa Bulaya kuri ico kibazo.

Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi uheruka kuvuga ko hari amazina y’abagirizwa amabi yabaye mu Burundi yahawe sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI iriko irakora amatohoza nyezina kuri ico gihugu.

Uwo mugwi wa ONU wavuze ko ari amazina y’abategetsi akunze kugarukwako ariko ntiwayashize ahabona. Gusa wemeza ko n’ubu bagifise uruhara mu bwicanyi, kunyuruza abantu, kubafungira ubusa no kubahohotera bikorerwa cane cane abatavuga rumwe na Reta canke abaharanira uburenganzira bwa muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG