Uko wahagera

HRW: Igenwa rya Bunyoni Rishobora Kunyura Agateka ka Zina Muntu


Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka kiremwa muntu Human Rights Watch rivuga ko rifise impungenge ko ikandamizwa ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi rishobora gukomeza kubera Alain Guillaume Bunyoni yagizwe umushikiranganji wa mbere mu Burundi.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko mu myaka itanu iheze ari umushikiranganji w'umutekano abapolisi babonetse cane mu bikorwa vyo guhama abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Ariko umukuru w'igihugu mw'ijambo yashikirije umusi ashikira amabanga yatangaje ko Uburundi butacigishwa ivyerekeye kubahiriza agateka ka zina muntu. Evariste Ndayishimiye yasiguye ko bisanzwe biri mu mico n'imigenzo y'Abarundi.

Alain Guillaume Bunyoni yemejwe kuba umushikiranganji wa mbere ari ku rutonde rw’abantu 7 harimwo ibihangange mu gipolisi n’igisirikare bafatiwe ibihano n’ibihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya hamwe na Amerika. Muri ivyo bihano, harimwo kudahonyoza ikirenge muri ivyo bihugu no gufata amatungo yabo yose ari muri ivyo bihugu.

Ubulayi na Amerika vyagiriza izo ntwazangabo ko ziri mu bahohoteye agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu mwaka w’2015. Atagihindutse, abo bategetsi babiri bemejwe n’inama nshingamateka bazorahira kuri uyu wa gatatu kugira batangure amabanga yabo.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika i nairobi muri Kenya Eloge Willy Kaneza

Kuki HRW Irajwe Ishinga n'Igenwa rya Bunyoni?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG