Uko wahagera

Uburayi Bushobora Kugumishaho Ibihano Byafatiwe Uburundi


Abashingamateka b’Umuryango w’Ubumwe bwa Burayi babona ko ibihano vyafatiwe Uburundi hataragera ko bivaho. Bamenyesheje ko ibiganiro hagati y’Uburundi nuwo muryango vyobandanya aruko Uburundi bwubahirije agateka ka zina muntu, bugafuta n’imitahe bwahaye abamenyeshamakuru nabo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Biri mw’ikete bandikiye Joseph Borrell Fontelles, umuserukizi mukuru w’Ubumwe bwa Burayi ajejwe imigenderanire.

Muri iryo kete ryagiye ahabona kuri uno wa gatanu abo bashingamateka bamenyesha ko bamenyeshejwe ko umuryango w’ubumwe bwa burayi uriko uraganira na reta y’Uburundi mu ntumbero yo kunagura imigenderananire nico gihugu.

Abo bashingamateka bamenyesha ko hari hapfunditswe ko bafatiye ku ngingo ya 96 y’amasezrano ya Cotonou atubahirizwa mu Burundi, ico gihugu cari cafatiwe ibihano, bigahagarikwa mu gihe Uburundi bwubahirije agateka ka zina muntu, bugahagarika guhohotera kiremwa muntu bikorwa n’inzego z’umutekano n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD rw’imbonerakure.

Abo bashingamateka bandikiye Joseph Borrell Fontelles bamumenyesha ko abantu bacicwa ataco bazira, bakanyuruzwa, gusambanya abagore ku nguvu, kuboreza igufa abantu, guhagarikira abantu ubusa na cane cane abo mu migambwe itavuga rumwe na reta bicibonekeza cane mu Burundi.

Bamenyesha ko uko guhagarikira abantu no kubafungira ubusa bituma amabohero yo mu Burundi yuzura reta nayo bakavuga ko ataco iriko irakora kugira ayo mabi ahere.

Abo bashingamateka bamenyesha kandi ko mu Burundi hacibonekeza amajambo abiba urwanko ashikirizwa abatavuga rumwe na reta n’inkehwa z’Abarundi agashigikirwa n’abategetsi b’Abarundi bo ku rwego rwo hejuru guhera ku mukuru w’igihugu, umushikiranganji wa mbere n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

Ayo majambo akaba ateye impungenge abo bashingamateka b’Umuryango w’Ubumwe bwa Burayi bafatiye kw’ihonyabwoko ry’abatutsi ryabaye mu gihugu c’u Rwanda mu mwaka 1994.

Abo bashingamateka baremeza ko kuganira kugira imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa burayi isubire kuba myiza ari nkenerwa ariko mugihe Uburundi bwokwerekana ko bufise ugushaka kwo kunagura ibijanye n’agateka ka zina muntu

Abo bashingamateka b’ubumwe bwa Burayi basaba reta y’Uburundi gufuta imitahe yahawe abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu bagirizwa kuba bari mubashatse gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi mu mwaka 2015.

Baranasaba kandi ko amaradiyo yasambuwe mu mwaka wa 2015 yosanurwa na reta ikanakingira abamenyeshamakuru, amashirahamwe nayo yahagaritswe agahabwa uburenganzira bwo gusubira gukora.

Muguheraheza urwo rwandiko rwabo bamenyesha ko vyihutirwa ko reta yokwaka ibirwanisho imbonerakure zitoteza abanyagihugu.

Abo bashingamateka bamenyesha Joseph Borrell Fontelles ko ingingo ya 96 y’amasezerano ya Cotonou iteganya gusubira gusuzuma ko ibijanye n’agateka ka zina muntu vyubahirijwe, bagasaba ko iryo suzumwa riba hisunzwe ivyo bashikirije bibateye amakenga bagarutseko muri urwo rwandiko, imbere yuko umuryango w’Ubumwe bwa Burayi usubira kuganira na reta y’Uburundi.

Kuri uno wa kabiri, Ambasaderi Albert Shingiro umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yari yabonanye na Claude Bochu aserukira umuryango w’ubumwe bwa Buraya mu Burundi.

Yamenyesheje ko yipfuza ko ibiganiro batanguye vyonyaruka ku neza y’abanyagihugu bivyo bihugu vyompi nayo Claude Bochu akaba wewe yamenyesheje ko igihambaye atari ukwihuta ahubwo ari intumbero vyofata.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG