Uko wahagera

Uburundi Bwasavye Userukira Ubulayi Gusigura Ivy'Imigenderanire


Emmanuel Sinzohagera
Emmanuel Sinzohagera

Kuri uyu wa gatanu, uwuserukira Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi yasiguriye umukuu w'inama nkenguzamateka aho umuryango aserukira uhagaze ku vyerekeye urwandiko ruheruka kwandikwa n’abashingamateka 43 bawo. Muri urwo rwandiko, bashikirije ko badakenguruka inagurwa ry’imigenderanire hagati y’Uburundi n’uwo muryango w’ibihugu vya Bulaya.

Kuri bo, ntiharagera, kuko bemeza ko hacibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ubwicanyi, ugufata abagore ku nguvu n’ugufungira abantu abusa canke kubanyuruza hamwe n’ihohoterwa. Berekanye ko ayo mabi akorerwa cane cane abatavuga rumwe na reta. Bari bibukije ko ico ari na co cari catumye umuryango wa Bulaya ufatira ibihano Uburundi kuva mu mwaka w’2016.

Ku murwa mukuru wa politike, i Gitega, Honorable Emmanuel Sinzohagera atwara Inama nkenguzamateka y’Uburundi, yabwiye Amabassadeur Claude Bochu ko abo bashingamateka barengeye akarimbi Uburundi.

Uwuserukira Ubumwe bwa Bulaya na we yashikirije ko Abashingamateka ba bulaya bakora bigenga, kandi ko barekuriwe gushikiriza aho bahagaze ku kibazo ico ari co cose kiraba Ubulaya.

Ntiyemerewe kuvugana n’abamenyeshamakuru, umuvuguzi w’inama nkenguzamateka ni we yavuze mw’izina ryiwe.

Umukuru w’Inama nkenguzamateka yemeza ko ivyerekeye agateka ka zina muntu, reta ivyitwararitse cane, agashima ko n’impunzi zimaze kubibona kuko kubw’iwe ziriko ziratahuka ku bwinshi.

Hagati muri uku kwezi, iyo nama nkenguzamateka yari yandikiye na yo abo bashingamateka ba Bulaya ibagiriza ko atakindi bagamije atari ugucafuza Uburundi.

Ubu, Emmanuel Sinzohagera yatumye uwuserukira Umuryango w’ibihugu vya Bulaya kubwira abashingamateka ba Bulaya bafise akangonongono kwishikira mu Burundi kuraba uko vyifashe.

Uburundi bwibukije umuryango wa Bulaya ko n’inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yemeje ko Uburundi bufise amahoro mu gukura ico gihugu ku rutonde rw’ibihugu birimwo umutekano muke kw’isi.

Ambassadeur Claude Bochu yashimye uwo mubonano gusa ahamagarira Uburundi gufata ingingo zose zubahiriza agateka ka zina muntu.

Mu ntango z’uku kwezi, ni ho abaserukira umuryango w’ibihugu vya Bulaya batanguye ibiganiro n’Uburundi vyo kunagura imigenderanire yatosekaye kuva mu ntureka za politike zo mu mwaka w’I 2015.

Uwuserukira Ubumwe bwa Bulaya, Claude Bochu yari yashimye iyo ntambwe y’Uburundi. Uburundi bwifuza gusubira kuronswa imfashanyo bwahora buhabwa, abategetsi bafatiwe ibihano n’Ubulaya na Amerika n’abo bagatezurirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG