Uko wahagera

Umugambwe CNDD-FDD Uha Amanota Menshi Prezida Ndayishimiye


Perezida w'Uburundi Evarsite Ndayishimiye n'Umutambukanyi wiwe mu myambaro ya CNDD-FDD

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD uha amanota menshi Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu awukomokamwo mu kiringo c’umwaka umwe amaze ari kuri iyo ntebe.

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru muri Cndd-Fdd vyabwiye Ijwi rya Amerika ko umukuru w’igihugu yashitse afata ingingo zikomeye zo guteza imbere igihugu. Aha, vyashimangiye cane cane ku kurwanya igiturire n’abanyonora amatungo ya reta aho hagarujwe amafranga arenga imiliyaridi 40 y’amarundi yanyururizwa mu matagisi n’amakori mu makomine, abahora bayatoza n’abo barabogozwa mu gihugu cose.

Iyindi ngingo ishimagizwa ni iyo kurekura abanyororo barenga 5000 harimwo abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu, kwugurura no gukura ibihano ku maradiyo 3 yari yarugawe harimwo Bonesha Fm na BBC, guha akaryo impunzi zirenga ibihumbi 50 guhunguka bavuye mu Rwanda, muri Tanzaniya no muri Kongo.

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu mugambwe CNDD-FDD vyemeza ko umukuru w’igihugu ari mu nzira nziza yo kubogora Uburundi, ku civugo ca “Reta mvyeyi na Reta nkozi”.

Naho biri uko, umugambwe CNL utavuga rumwe n’Ubutegetsi, watahukanye ikibanza ca kabiri mu matora yashikanye Prezida Ndayishimiye ku butegetsi, wowo si ko ubibona. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Agathon Rwasa atwara uwo mugambwe utari muri reta ariko uri mu nama nshingamateka, avuga ko reta yashize imbere gukumira abandi muri uyu mwaka wose uheze. Yamara umugambwe UPD-Zigamibanga, ishami ryegamiye ubutegetsi, ntuhuza na CNL. Abdul Karim awurongoye, na we mu kiganiro yatanze, arashima ko Uburundi bwaronse ingabire ya Ndayishimiye nk’umukuru w’igihugu.

Ku ruhande rw’amashirahamwe yigenga, yandikiye umukuru w’igihugu amubwira ko umwaka wiwe wa mbere w’ubutegetsi waranzwe n’ihonyangwa rikabije ry’agateka ka zina muntu. Ligue Iteka rikebura Perezida Ndayishimiye ko yohagarika ubwicanyi kuko ryaharuye abantu barenga 550, bangana n’ica kane c’abaharurwa ko bishwe mu myaka 5 ya nyuma y’uwo yakoreye mu ngata. Ico bikoze, ayo mashirahamwe arashima imvugo nziza y’umukuru w’igihugu, akamusaba ko imvugo yojana n’ingiro.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG