Uko wahagera

Ekleziya Katolika y'Uburundi Iranegura Ukutihanganirana muri Politike


Abepiskopi Katolika mu Burundi batangaje ko bibabaje kubona mu gihugu hakiri abantu bazira ivyiyumviro vyabo vya politike. Amashirahamwe yigenga n'imigambwe ntibabona kumwe. Hari abavuga ko amazi yarenze inkombe abandi bakemeza ko ikibazo co kutihanganiranira gisa n'icamaze gutorerwa umuti co kimwe n'ikijanye n'ukubahiriza uburenganzira bwa muntu. Ayandi mashirahamwe abona ko ari inkebuzo ikomeye kuri reta kugira ijanishe imvugo n'ingiro mu mugambi yiyemeje wo kunywanisha Abarundi.

Mu itangazo basohoye inyuma y’inama yabo isanzwe y’ukwezi yabereye ku cicaro gishasha c’inama y’abepiskopi Katorika kiri ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Abo bepiskopi bagaruka ku bintu bitari bike harimwo umwimbu wagabanutse bitumwe n’imvura y’umurengera yatwaye imirima, ku kiza ca virusi ya Corona bemeza ko cakwiye igihugu cose ariko abagwayi bakaba bakira ku bwinshi n’ibindi.

I ruhande y’Abarundi indiri, ivyariho vya Papa Faransisiko bavuga ko baja gusuhukira muri Tanzaniya kubera ubukene hamwe n’impunzi zihunguka banemeza ko hakibonekeza abazira ivyiyumviro vyabo vya poritike. Bivugwa na Musenyeri Joachin Ntahondereye, umukuru w’inama y’abepisikopi katorika mu Burundi.

Gerard Hakizimana, umukuru w’ishirahamwe FOLUCON F riri muyakorera mu ntara zose z’Uburundi ntabona kumwe ibintu n’abasenyeri katorika. Yemeza ko hari intambwe zagiye ziraterwa mu bijanye n'ivya poritike, agateka ka muntu kubahirizwa kandi imigambwe ya politike ibanye neza.

Aime Magera, avugira umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi ku rwego mpuzamakungu mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika asanga ivyariho vya Papa bidahuguza. Avuga ko ihonyangwa ry'agateka ka muntu ririko ririyongera. Naho umunyamategeko Janvier Bigirimana arongoye « Tournons La Page-Burundi » nawe asanga iyi mvugo y’abepisikopi katorika yisiguye: ni ugukebura abategetsi kugira imvugo ijane n’ingiro.

Kuva aroye mu mabanga, perezida Evariste Ndayishimiye yarahiye ko atazihanganira abahohotera abandi kubera amabanga canke ijunja bafise. Ndayishimiye yanatanze amabanga yo gutwara umugambwe CNDD FDD uri ku butetegetsi mu mpera z’ukwa mbere yabonetse mu biringo bitandukanye asangira n’abandi bakuru b’imigambwe ku mazimano ubwiwe yabateguriye barimwo Agathon Rwasa yavuze ko yamwivye ingoma mu matora ya 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG