Uko wahagera

Amashirahamwe Yigenga Arashima Ingendo yo Kurwanya Igiturire mu Burundi


Perezida Evariste Ndayishimiye
Perezida Evariste Ndayishimiye

Perezida Evariste Ndayishimiye agira yuzuze umwaka agiye ku butegetsi mu Burundi. Umwe mu migambi yashize imbere ni ukurwanya igiturire.

Amashirahamwe yo mu Burundi nka PARCEM rihamagarira Abarundi guhindura ingendo n'ivyiyumviro kugira bagere kw'iterambere rirama hamwe na mpuzamakungu nka IDHB rikorera ku bibazo vy'agateka ka zina muntu muri ico gihugu arashima imigambi yashizwe imbere na Perezida Ndayishimiye.

Bavuga cane cane utwigoro two kugwanya igiturire, ukugabanya amabi akorwa n'urwaruka rw'Imbonerakure rw'umugambwe CNDD FDD hamwe n'ukwiyunga n'amakungu n'abafasha Uburundi.

Ariko mu gihe azuzuza umwaka aroye mu mabanga kuri uyu wa gatanu, ayo mashirahamwe abona ko hari intambwe ataratera cane cane mu bijanye no kugururira abahinga bo mu mashirahamwe yigenga n'abakora ku giti cabo kugira baterere Reta ubwenge n'ubuhinga.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza nivyo adushikiriza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:55 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG