Uko wahagera

Trump Ntiyipfuza ko OMS Igira Uruhara mu vy'Urucanco rwa COVID-19


Perezida Donald Trump n'umukuru wa OMS
Perezida Donald Trump n'umukuru wa OMS

Ishirahamwe rijejwe gukinga no gutuza indwara z’ivyaduka muri Afrika ryateye akamo amakungu kayasaba gukorera hamwe mu kurondera no gutanga incandago z’ikiza ca virusi ya corona.

Ako kamo gatewe inyuma y’aho ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho amagara y’abantu OMS, bitangarije ko ibihugu 76 vyo kw’isi bitunze vyiyemeje gukorera hamwe mu mugambi wo gutora urucanco rw’ico kiza hamwe no kurutanga mu buryo ata gihugu kizosigara inyuma.

Ku musi wa kabiri, Reta ya Amerika yaratangaje ko itazokwifatanya n’ivyo bihugu muri uyo mugambi wiswe COVAX kubera Perezida Donald Trump adashaka ko iibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu OMS biwugiramwo uruhara.

Umukuru w’ikigo kijejwe kugwanya no gukinga indwara z’ivyaduka muri Afrika, John Nkengasong, yavuze ko iyo ngingo ibabaje kandi ko igikorwa co kugwanya ikiza ca corona gishobora kuba impfagusa mu gihe cose hazoba hakiri ighugu kikirangwamwo ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG