Uko wahagera

Ubudagi Bwiyemeje Guhuza OMS n'Amerika


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump hamwe n'umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom
Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump hamwe n'umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom

Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yaneguye ingingo ya Perezida Donald Trump yo guhagarika imfashanyo y’Amerika igenewe OMS muri iki gihe c’ikiza c’umugera wa Corona. Umushikiranganji Heiko Mass, yashikirije kuri uyu wa kane ko iyo ngingo ari nko gukorora umupilote w’indege iza igeze hagati mu kirere.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru i Berlin mu Budagi, Mass yashikirije ko bitumvikana kwibaza ku bushobozi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS muri iki gihe co kurwanya Corona kandi ataco bifasha.

Yashikirije kandi ko Ubudagi bugiye guhuza reta y’Amerika na OMS kugira haboneke inzira yo kuva mur’iki kibazo.

Ku musi wa kabiri, Trump yategetse ko Amerika iba irahagaritse ivy’agateganyo iyo mfashanyo mu kuba harihwezwa uko OMS yigenjeje mur’iki gihe co kurwanya COVID-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG