Uko wahagera

USA: Guhagarika Imfashanyo kuri OMS Biranegurwa n'Abashingamateka


Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi,mu nyubakwa y'inama nshingamateka i Washington
Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi,mu nyubakwa y'inama nshingamateka i Washington

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Abashingamateka bo mu mugambwe w’abademokrate baneguye ivyatangajwe na Perezida Donald Trump vyo guhagarika imfashanyo Amerika iha OMS.

Umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi yashikirije kuri uyu wa gatatu ko iyo ngingo ari mbi, iteye kubiri n’amategeko kandi izokwega akaga. Pelosi na bagenzi we b'abademokrate bagabisha ko kwima amafaranga ico gisata ca ONU kijejwe amagara y’abantu bizobangamira utwigoro amakungu yarimwo two kurwanya ikiza Corona.

Perezida Trump yagiriza OMS kuba yarananiwe kwegekako Ubushinwa intandaro y’iki kiza. Trump yagiriza kandi OMS kuba yaratevye gutangaza amabi y’uwo mugera, bituma Ubushinwa butangaza amakuru bwishakiye kuri ico kiza.

Trump yashikirije ko reta yiwe igiye gufata amezi abiri canke atatu yihweza ivyakozwe na OMS kuri ico kibazo, kandi iyo mfashanyo nayo izoba irarungikirwa ayandi mashirahamwe canke ibihugu.

Amerika ifashisha OMS amafaranga ari hagati y’imiliyoni z’amadolari 400 n’500 buri mwaka, imbere y’Ubushinwa butanga imiliyoni 40 ku mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG