Uko wahagera

Perezida Donald Trump Arifatira mu Gahanga OMS Kubwa COVID-19


Perezida wa Reta zunze za Amerika Donald Trump muri White House yishura ibibazo vy'abashingamateka, kw'itariki 8/04/2020.
Perezida wa Reta zunze za Amerika Donald Trump muri White House yishura ibibazo vy'abashingamateka, kw'itariki 8/04/2020.

Kuri uyu wa kane iminsi 100 yari ikwiye Ubushinwa bumenyesheje ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS kwo bwatewe n’umugera wa Corona, umugera wamaze gukwirakwira isi nzima.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yagirije OMS gufasha cane Ubushinwa muri uru rugamba na Corona kandi ko iryo shirahamwe ryategerezwa kugabisha isi ko hari kiza cayiteye.

Ku munsi wa gatatu, umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Mike Pompeo, yashikirije ko OMS itakoze neza ivyo ijejwe kandi ko Amerika iriko irihweza ivy’intererano irifashisha.

Amerika ni co gihugu ca mbere gifashisha OMS amafaranga menshi, aho muri uyu mwaka wa 2020 yatanze imiliyoni 59 z’amadolari, imbere y’Ubushinwa bwatanze imiliyoni 30.

Abahinga bagabisha ko mu gihe Amerika yohagarika iyo ntererano muri iki kiza vyoba bibi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG