Uko wahagera

COVID19: Amerika Ikomeje Kwagiriza OMS ko Yitwaye Nabi


Ifoto ya Perezida w'Amerika Donald Trump n'umuyobozi mukuru wa OMS Tedros
Ifoto ya Perezida w'Amerika Donald Trump n'umuyobozi mukuru wa OMS Tedros

Ishirahamwe OMS ryanebaguwe bikomeye na Reta zunze ubumwe z’Amerika ku kugene ryavyifashemwo ku bijanye n’ikiza c’umugera wa Corona, ryashizeho uno musi ku wa kane umurwi wigenga ujejwe kwihweza ukugene iryo shirahamwe ryishuye kuri ico kiza.

Uwo murwi wigenga uzoyoborwa na Helen Clark yigeze kuba umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Nouvelle Zelande hamwe na Ellen Johnson Sirleaf yahora ari prezida w’igihugu ca Liberiya. Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanaom Ghebreyesus, yatangaje ko biciye kuri abo bapfasoni 2 amakungu azomenya ukuri ku vyabaye hamwe n’inyishu zikenewe kuri kazoza keza kurushiriza ku bantu baba kw’isi.

Mu nama rusangi yama iba uko umwaka utashe yo mu kwezi kwa gatanu, ibihugu bigize ishirahamwe OMS, vyarumvikanye ku vyerekeye gushiraho uwo murwi wigenga ujejwe gutohoza. Hari inyuma y’ibinebaguro bikomeye vyabaye incuro zitari nke vy’Amerika. Prezida w’Amerika, Donald Trump,yagirije ishirahamwe OMS ko ryavyifashemwo nabi cane mu buryo yishuye kuri ico kiza kandi riri mu kwaha kw’Ubushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG