Uko wahagera

USA Ntizofatanya n'Isi mu Mugambi wo Kugabanganya Urukingo rwa COVID-19 kw'Isi


Umuforoma w'umurusiya ariko arapima COVID-19, mu kigo co ku kibuga c'indege i Moscou, mu Burusiya kw'italiki 07/08/2020.
Umuforoma w'umurusiya ariko arapima COVID-19, mu kigo co ku kibuga c'indege i Moscou, mu Burusiya kw'italiki 07/08/2020.

Reta zunze ubumwe za Amerika ivuga ko itazokwifatanya n’amakungu mu mugambi wo gukorera hamwe no kugabanganya ku buringanire bungana kw’isi yose urukingo rwa COVID-19 kuko ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ari ryo rirongoye uwo mugambi.

Ibihugu birenga 170 biri mu biganiro vyo kugira uruhara muri uyo mugambi wo gusabikanya urwo rukingo, wiswe COVAX, rurongowe na OMS hamwe n’ishirahamwe Gavi, ryashinzwe n’ikigo c’umugwizatunga w’umunyamerika Bill Gate. Ikigo Gavi kijejwe gucandaga abana bo mu bihugu bikenye kw’isi.

Umuvugizi wo muri perezidanse ya Amerika, White House, Judd Deere yavuze ko Amerika izobandanya gukorana n’amakungu mu kurwanya uwo mugera, ariko ko batazokorana n’ishirahamwe OMS hamwe n’Ubushinwa vyabunzwe na ruswa.

Perezida Donald Trump yatangaje mu kwezi kwa ndwi ko akuye Amerika muri OMS, mu kuvuga ko iryo shirahamwe ryavyifashemwo nabi kuva COVID-19 yaduka kandi ryerekanye ko ryegamiye Ubushinwa, aho uwo mugera waturutse mu mpera z’umwaka uheze.

Ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu bwavuze kuri uyu wa gatatu ko intererano yo mu 2020 y’imiliyoni 62 z’amadolari Amerika yari isigaje gutanga muri OMS uyu mwaka azorungikwa gufasha mu mafaranga ONU ikoresha.

Amerika ivuga ko izindi ntererano zo muri kazoza zogenda muri OMS zizohabwa abandi bakorana yise abizigirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG