Uko wahagera

USA Yatanguye Intambwe zo Kuvavanura na OMS


Trump White House
Trump White House

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yashikirijekuri uyu wa kabiri urwandiko umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres ko Amerika yatanguye intambuko za mbere zo kuva muri OMS.

Amerika nico gihugu ca mbere gifashisha OMS uburyo bwinshi bw’amafaranga, ku miliyoni 400 z’amadolari buri mwaka. Perezida Trump yashikirije ko OMS itabashije kumenyesha kare ko ikiza ca corona cateye isi, kandi ko iryo shirahamwe ryahengamiye cane ku ruhande rw’Ubushinwa.

Umuvugizi wa Guterres, Stephane Dujarric, yemeje kuri uyu wa kabiri ko ONU yaronse urwo rwandiko rwa Trump.

Ivavanura bwite rizotangura kuja mu ngiro kw’itariki ya 6 y’ukwezi kwa ndwi umwaka wa 2021.

Joe Biden, umudemokrate azohiganwa na Trump mu matora yo mu kwezi kw’icumi na kumwe yashikirije kuri uyu wa kabiri ko mu gihe yotorwa nk'umukuru w'igihugu c'Amerika, ikintu ca mbere azokora ari ugusubiza Amerika muri OMS.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG