Uko wahagera

Umuyobozi wa OMS Ahanganye n'Ibibazo Birimwo Kugabishwa Kwicwa


Adhanom Ghebreyesus
Adhanom Ghebreyesus

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus ahanganye n’ibibazo bitari bike muri iki gihe c’ikiza c’umugera wa Corona harimwo ibitutsi bifatiye kw’ibara ry’urukoba rwiwe, kugabisha kumwica n’ukumwifatira mu gahanga ku mbuga ngurukanabumenyi, hamwe n’ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika y’uguhagarika amafaranga yaterera mu kigega ca OMS.

Naho ari uko, Tedros Adhanom Ghebreyesus yarabirengeye abandanya gushimikira ku gikorwa c’ugutuma amakungu aja hamwe mu rugamba rw’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona.

Abahinga batari bake mu vyerekeye amagara y’abantu barahayagije ukugene yavyifashemwo ku bijanye n’ico kiza muri rusangi. Ivyo naho ishirahamwe ayoboye ryanebaguwe na Reta y'Amerika.

Perezida Trump aherutse kwagiriza ishirahamwe OMS ko rikorera mu kwaha kw’Ubushinwa. Yavuze ko iryo shirahamwe ryahayagije ukugene Ubushinwa bwavyifashemwo mu ntango igihe ikiza c’umugera wa Corona ciyadukiza ubwa mbere muri ico gihugu.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yishuye mu gusaba ko ikiza c’umugera wa Corona kidakwiye gukoreshwa ku mpamvu za politike hamwe n’uguterana amajambo. Ahubwo yateye akamo amakungu ko gukorera hamwe mu rugamba rw’ukurwanya ico kiza.

Mu ndwi iza ishirahamwe OMS rizogirisha inama yaryo rusangi ikomeye yama iba uko umwaka utashe. Iyo nama izoba hakoreshejwe ubuhinga bwa video, bikaba vyitezwe ko izoshimikira ku kiza c’umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG