Uko wahagera

Tanzaniya Ivuga ko Ata Mpunzi y'Umurundi Izokongera Kwakira


Reta ya Tanzaniya itangaza ko ata mpunzi y'Umurundi izokongera kwakira. Igabisha ko igiye ahubwo kubandanya ihungura abasigaye mu nkambi za Nduta, Nyarugus na Mutendeli.

Iyo ngingo yatangajwe n'umukuru w'intara ya ntara ya Kigoma bwana Emanuel Maganga mu kiganiro n'abamenyeshamakuru. Muri ico kiganiro, uwo mutegetsi yasiguye ko igihugu ciwe kitokwemera kwakira impunzi uko Uburundi butunganije amatora. Yagize ati: " Hari abanyagihugu bamwe guhunga cabaye nk'igikorwa cabo, haba hari amahoro canke atayo."

Zimwe mu mpunzi zahungiye mu nkambi ya Nduta zo zivuga yuko ata muntu yohunga ata kibazo afise, zigasaba Reta ya Tanzaniya kubahiriza amategeko agenga impunzi, HCR nayo ikabafata mu mugongo kugeza aho bazokumva yuko ico bahunze ca heze, bagashobora guhunguka ku bushake bwabo.

Ni nkuru ya mugenzi wacu James Jovin ari mu gihugu ca Tanzaniya.

Tanzaniya Ivuga ko Ata Mpunzi y'Umurundi Izongera Kwakira
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:25 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG