Uko wahagera

Ibitero mu Nkambi y'Abarundi Muri Tanzaniya


Ikambi ya Nduta
Ikambi ya Nduta

Mu nkambi y’Abarundi ya Nduta iri mu gihugu cya Tanzaniya haraye humvikanye amasasu menshi.

Zimwe mu mpunzi zahungiye muri iyo nkambi zivuga ko zirambiwe n’ibitero vy’iterabwoba vyama vyabaye hagati mu nkambi. Ni mu gihe abantu batanu bo mu muryango umwe baraye bahatswe kwicwa n’abagizi ba nabi.

Ivyo bitero vyagabwe n'abantu bitwaje ibirwanisho impunzi zikeka ko bava mu Burundi.

Bamwe mu bari bahari babariye Ijwi ry’Amerika ko ata n'umwe yishwe kiretse abagore babiri bahakomerekeye.

Amakuru Ijwi ry'Amerika rikura mu giporisi muri komine Kibondo avuga ko ata muntu n'umwe yafashwe mur'iryo sanganya gushika n'ubu, ariko icemezo n'uko isakwa ribandanya mu nkambi no mu baturanyi b'inkambi.

Inkambi za Nduta, Mutendeli na Nyarugusu ziri hafi y’urubibe rwa Tanzaniya n’Igihugu c’Uburundi hafi y’ibirometero bitarenze 60. Iyo ni imwe mu mpamvu impunzi zikeka ko vyorohera abagizi ba nabi kujabuka urubibe bakinjira mu nkambi gukora ibitero bitandukanye harimwo kwica bamwe bamwe kumvo za poritike bitabagoye.

Kubera umutekano muke wama wibonekeje mu nkambi no mu baturage baturanye n’impunzi, reta ya Tanzaniya yatanguje umugambi w’abatuye mu nkambi kwirarira irondo.

Naho biri uko ikibazo ntikirakemuka kubera ata kwezi guhera ata gitero kibaye mu nkambi no mu baturanyi babo kandi impunzi ziridoga ko ata kuntu zorarira abafite ibirwanisho bo atavyo bafise.

Ku bw'ico kibazo c’umutekano muke wama wibonekeje mu nkambi buri uko bukeye, zimwe mu mpunzi zisaba reta ya Tanzaniya na HCR kwigiza inkambi kure y’umupaka w’igihugu ca Tanzaniya n'Uburundi no kongera inguvu bihagije mu gucungera umutekano mu nkambi.

Ikibazo c’umutekano muke mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mutendeli catanguye gukomera umwaka uheze.

Reta ya Tanzaniya yaciye ifata ingingo yo kugara amasoko rusangi ahuza impunzi n’abaturanye nazo by’agateganyo no guhagarika umugambi wo gutanga uruhusha ku mpunzi zishaka gusohoka inkambi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG