Uko wahagera

Burundi: Imiryango Yigenga Yamaganye Iyirukanwa ry'Impunzi


Impunzi z'Abarundi mu makambi ya Tanzaniya, i Kigoma.
Impunzi z'Abarundi mu makambi ya Tanzaniya, i Kigoma.

Amashirahamwe yigenga yo mu Burundi cane cane akorera mu buhungiro yandikiye urwandiko uwutwara ishirahamwe mpuzamakungu kw'isi HCR amusaba ko yogira icakoze mu gukingira impunzi z'Abarundi zahungiye muri Tanzaniya.

Ayo mashirahamwe arenga 13 abwira uwutwara HCR ko igihugu ca Tanzaniya cyahisemo kuzirukana impunzi zigasubizwa mu ‘muriro’ zari zahunze mu mwaka w'2015. Asabira izo mpunzi ko zorondererwa ikindi gihugu co mu karere zishirwamwo hamwe Tanzaniya coba kitagishoboye kubakingira.

Mu rwandiko rw’ayo, amenyesha uwutwara ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR, Filippo Grandi ko yokwibuka umubabaro w’impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya. Yibutsa ko zitakigira ayo zicira n’ayo zimira kuko zamaze kubwirwa ko zigiye gusubizwa mu gihugu zari zarahunze, kuva mu kwezi kuza kw’10.

Abateye umukono kuri urwo rwandiko ni amashirahamwe n’inani zayo 13. Abayarongoye batangazwa n’ingene igihugu ca Tanzaniya gihitamwo kwirukana Impunzi z’Abarundi kandi ari co kivamwo umuhuza mu matati yatumye izo mpunzi zihunga.

Ayo mashirahamwe yibutsa ko kuva abo Barundi bahungira muri Tanzaniya batigeze bagira agahengwe kuko abantu bitwaje ibirwanisho bamye baja kubadurumbanya mu makambi y’impunzi barimwo.

Abaserukira ayo mashirahamwe, ata gihindutse, bazohabwa umubonano na Filippo Grandi atwara HCR i Geneve mu Busuwise mu minsi iza kugira bamwiganire ikibazo c’izo mpunzi z’Abarundi zahungiye muri Tanzaniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG