Uko wahagera

Tanzaniya Igiye Kwirukana Impunzi z'Abarundi Zose


Kangi Lugola
Kangi Lugola

Reta ya Tanzaniya igabisha ko kuva igenekerezo rya mbere ukwezi kwa cumi izotangura gutahukana Abarundi bose bahungiye muri ico gihugu baba abavyipfuza canke abatavyipfuza.

Mu kiganiro umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Kangi Lugola yagiranye n’abamenyeshamakuru ku mugoroba wo ku wa Mungu yavuze ko uwo mugambi wari kuba wararangutse, uza kudindindizwa n’uko babanje kuja mu vyo gutahukana “Abavyipfuza”, ingendo ico gihugu gisigura ko kitazongera gufata.

Kangi Lugola mu majambo yiwe yagize ati: "Icatumye bahunga caraheze ubu hari amahoro. Kubw’iyo mvo, tuzotahukana Abarundi bose. Uwukeneye kugaruka kwibera muri Tanzaniya azoca mu biro vy’abimukira, akurikize amategeko hama aronke uburenganzira bwo kuba mu gihugu yisanzuye.”

Umushikiranganji Lugola yabwiye abamenyeshamakuru ko ivy’uwo mugambi babiyaze na mugenzi wiwe w’Uburundi Pascal Barandagiye mu rugendo aheruka gukora mu makambi arimwo impunzi, rugamije kubahimiriza ngo batahuke.

Bamwe mu Barundi bahungiye muri Tanzaniya babwiye Ijwi ry’Amerika ko ari nka hamwe ico gihugu coba cabarambiwe ishami rya ONU ribitaho, HCR, rikwiye kuraba ibihugu barungikwamwo kuko "Umuriro" bahunze utarazima.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika muri Tanzaniya James Jovin.

Tanzaniya Igiye Kwirukana Impunzi Zose z'Abarundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:11 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG