Uko wahagera

HCR Iratabariza Impunzi z'Abarundi


Ikambi y'impunzi z'Abarundi
Ikambi y'impunzi z'Abarundi

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku mpunzi, HCR rishikiriza ko hakenewe imiliyoni 296 z’amadolari y’abanyamerika kugira bagarukira ku mpunzi z’Abarundi ziharurwa mu bihumbi 345 ziba mu buzima butoroshe mu bihugu bibanyi arivyo Tanzaniya, Republika iharanira demokarasi ya Kongo, u Rwanda na Uganda.

HCR ishikiriza ko ibihumbi vy’impunzi z’Abarundi bishwe n’inzara kuko ibifungurwa bahabwa vyagabanijwe kubw’ubukene bw’amafaranga. Ivuga kandi ko babangamiwe n’indwara kubw’ubukene bw’imiti itakiboneka ku rugero rushimishije. Amashure yararengewe n’abana ku buryo inyigisho zitangwa ata kanovera kandi harakenewe n’uburaro bwiza.

HCR ivuga ko itabona icotuma ihamagarira impunzi gutahuka mu Burundi kandi ko ata n’umwe mu mpunzi yorungikwayo atavyishakiye.

Aya makuru tuyakesha Lisa Schlein, umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika ku cicaro ca HCR i Geneve mu Busuwisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG