Uko wahagera

HRW: Nta Mpunzi z'Abarundi Zikwiye Gutahukanwa ku Nguvu


Burundi Refugees
Burundi Refugees

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Right Watch risaba igihugu ca Tanzaniya gukingira impunzi z’Abarundi, aho kuzihungura bitavuye ku bushake bwabo.

Bill Frelick, umuyobozi ajejwe igisata c’agateka k’impunzi muri Human Right Watch yashikirije ko Tanzaniya ikwiye gutangaza ku mugaragaro ko ata mpunzi zizotahukanwa ku nguvu canke ngo zisabwe kwiyandikisha ku rutonde rw’abataha ku nguvu.

Abategetsi ba Tanzaniya baratangaje umugambi wo kuzoba barungitse impunzi zose z’abarundi 183,000 ziri muri Tanzaniya imbere yuko umwaka w’2019 urangira.

Mu kwezi kwa gatatu 2018, niho Tanzaniya n’Uburundi batangura kwiha intumbero yuko abarundi 2,000 bashobora kuzoza baratahukana buri ndwi ku bushake bwabo, mu nama yo mu 2017 yahuje inyabutatu igizwe n’izo reta zibiri hamwe na HCR, nkuko bishikirizwa na HRW. Ariko ibitigiri vy’abatashe ntivyashitse kw’ihangiro bihaye.

Frelick asaba umuryango w’ubumwe bw’Afrika gusaba ibisobanuro nimba Uburundi na Tanzaniya vy’ukuri bazoshira mu ngiro uyo mugambi bumvikanyeko, mu gihe vyokorwa Ubumwe bw’Afrika bugakurikirana ivyo bihugu bibiri ku guhungabanya uburenganzira bw’impunzi.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal barandagiye, yashikirije ko izo mpunzi zibuzwa gutaha na HCR kubwo inyungu zayo bwite zijanye no gutakaza ubuzi. Uburundi kandi bwemeza ko umutekano ukwiye mu gihugu, ko abana babwo ata mpamvu yotuma babandanya kugorerwa mu mahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG