Uko wahagera

Nyamugigima Yahitanye n’Imiburiburi 8 muri Indoneziya


Isoko ryasambuwe na nyamugigima i Ambon, mu ntara ya Maluku, kw'itariki 26/09/2019.

Nyamugigima yo ku muvuduko wa manyitide 6,5 muri Indoneziya yahitanye n’imiburiburi abantu 8.

Igisata kijejwe gutabara muri ico gihugu cemeje ko amazu atari make arimwo kaminuza imwe n’ibiraro vyasambuwe n’iyo nyamugigima yibasiye cane ubuseruko bwa Indoneziya.

Amasanamu yakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi yerekana amazu atari make muri ico gihugu atasambutse ariko afise imigaga.

Ahandi havugwa nyamugigima ni mu gisagara c’ubutunzi bwa Turukiya, Istanbul. Abategetsi b’ico gihugu batangaje ko iyo nyamugigima yari ku muvuduko wa manyitide 5,7 atawe yahitanye. Vyabaye ngombwa yamara ko amashure yugara.

Muri za nyamugigima zimaze kubangamira Turukiya iyiza ubwa mbere ni iyo mu 1999 yahitanye abababa 17.500.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG