Uko wahagera

Haiti: Nyamugigima Yishe 11 Ikomeretsa Abarenga 130


Abanyagihugu bariko baraba inzu yabomotse i Gros Morne, Haiti, itariki 7/10/2018.
Abanyagihugu bariko baraba inzu yabomotse i Gros Morne, Haiti, itariki 7/10/2018.

Nyamugigima yo ku rugero rwa manyitide 5.9 yahitanye abantu bashika kuri 11, ikomeretsa 135 mu buraruko bushira uburengero bwa Haiti kuwa gatandatu, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati wa Haiti.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko amazu hamwe n’ibitaro vyarasambuwe n’iyo nyamugigima.

Ikigo c’igihugu kijejwe gukinga ibiza cavuze ko ibisagara vya Port-de-Paix, Gros-Morne, Chansolme na Tortuga arivyo vyababaye kurusha ibindi.

Igihugu ca Haiti, congeye guterwa na nyamugigima mu gihe kitari bwakire ibikomere casizwemwo n’iyabaye mu mwaka w’2010 yishe abarenga ibihumbi 200 isiga abashika umuriyoni batagira aho baba.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG