Uko wahagera

Nyamugigima muri California Ntawe Yahitanye


Ibutike yo mu gisagara ca Lake Isabella, muri California, inyuma ya nyamugigima yo kw'itariki 04/07/2019.
Ibutike yo mu gisagara ca Lake Isabella, muri California, inyuma ya nyamugigima yo kw'itariki 04/07/2019.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, nyamugigima ya manyitide yo ku rugero rw’ibice 6.4 yarateye ubumanuko bwa reta ya Californiya ejo kuwa kane mu gitondo, aho inzu zitari nke zahiye n’abakomeretse bidashemeye mu gisagara ca Ridgecrest, ku bilometero 180 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Los Angeles.

Ibihumbi vy’abanyagihugu vyasizwe ata matara, inyuma y’iyo nyamugigima yatanguye igihe c’isaha zine n’igice z’agatondo mu masaha yo muri ako karere. Nta muntu n’umwe yahasize ubuzima.

Ibaye nyamugigima ikomeye iteye mu bumanuko bwa Californiya mu myaka 20. Iyabaye mu 1994, y’igipimo ca manyitide 6.7 mu micungararo ya Los Angeles, yahitanye abantu 57 n’ivyononekaye vyari mu gaciro k’amamiliyaridi y’amadolari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG