Uko wahagera

Nyamugigima Yahitanye 25 Ikomeretsa 350 muri Pakistani


Pakistan Earthquake
Pakistan Earthquake

Ibikorwa vyo kurondera aboba bahitanywe na nyamugigima yo ku muvuduko wa manyitide 5,2 yahitanye mu bucagucagu bwo kuri uno wa gatatu abagera ku 25 igakomeretsa 350 mu buseruko bwa Pakistani birabandanya.

Abajejwe gutabara muri Pakistani batangaza ko iyi nyamugigima yakomerekeje 350, isambura amazu aharurwa mu majana. 8o mu bakomeretse ni indembe nkuko abo bajejwe gutabara babivuga.

Abariko baratabara bongera barondera aboba bahitanywe n’iyo nyamugigima bavuga ko batorohewe kubera imvura nyinshi, umuyagankuba wacitse n’ubuhinga bwo guhanahana amakuru butariko burakora..

Pakistani ikunze kwibasirwa na za nyamugigima. Mu 2005, nyamugigima yari ifise umuvuduko wo kuri manyitide 7,6 yahitanye 73.000 isambura amazu y’abaharurwa mu miliyoni 3,5 .

Nyamugigima yo mu bucagucagu bw’uno wa gatatu yumvikanye kandi mu bice bimwe bimwe vy’Ubuhindi. Abategetsi basiguye ko abakeneye gufashwa bagera mu 50.000

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG