Uko wahagera

Abishwe na Nyamugigima muri Indoneziya Bageze ku 832


Abantu bagerageza kumenya ababo bishwe na nyamugigima mu gisagara ca Palu, Indoneziya, itariki 30/09/2018.

Ibitigiri vy’abishwe na nyamugigima yakurikiranye n’ingunza y'ikiyaga muri Indoneziya vyariyongereye bishika ku bantu 832, hamwe n’abandi 540 bakomeretse, nkuko amakuru atangwa n’abategetsi muri Indoneziya abivuga.

Abategetsi bavuze ko biteze ko ibitigiri vy’abapfuye vyiyongera kuruta.

Perezida wa Indoneziya Joko Widodo yaragendeye ejo kuw’Imana igisagara ca Palu, kimwe mu bice vyabangamiwe kurusha ibindi kugira yirabire ivyasambutse.

Abategetsi bavuze ku musi wa gatandatu ko abantu baharurwa mu majana bari ku nkengera z'ikiyaga mu gisagara ca Palu kwinezereza igihe iyo nyamugigima n'ingunza y'ikiyaga vyasangangura ico gisagara vyica benshi muri bo.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Jakarta, Frans Padak Demon, yari mur'ico gisagara igihe vyaba, we agereranya ko ibihumbi vy'abantu arivyo vyari kur'ico kiyaga mu birori vyo kwibuka imyaka iheze ico gisagara ca Palu gishinzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG