Uko wahagera

Tsunami na Nyamugigima Vyahitanye 384 muri Indoneziya


Bamwe mu banyagihugu bagerageza kwegeranya abahitanywe na tsunami
Bamwe mu banyagihugu bagerageza kwegeranya abahitanywe na tsunami

Abantu bagera ku 384 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe na tsunami yatewe na nyamugigima ku mugoroba w’uno wa gatanu muri Indoneziya.

Ikigo kijejwe gukinga impanuka n’ivyaduka muri ico gihugu cemeza ko 540 bakomerekejwe n’iyo nyamugigima.

Amasanamu yashizwe ahabona avuye mu gisagara ca Palu kiri mu vyakozweko cane n’iyo tsunami yerekana ibiziga bitari bike biri ku nkombe z’ikiyaga, amazu n’ibiraro vyabomaguritse, ibisigarira vy’imiduga yahomberanye, n’iyindi yatwawe n’amazi.

Umuvugizi w’ikigo kijejwe gutabara muri Indoneziya, Sutopo Purwo Nugroho, yabwiye itororokanirizo ry’ amakuru y’Abafaransa, AFP, ko ibikorwa vyo gutabara no kurondera abahitanywe n’iyo tsunami batarashobora kuvanwa munsi y’ibihomoke vyatanguye.

Yamara, ni igikorwa kitoroshe kuko umuyagankuba wacitse, ibitaro bitari bike birasenyuka, ibitasenyutse na vyo bikaba biriko birarengerwa n’ubwinshi bw’abantu.

Nyamugigima y’uno wa gatanu yari ifise umuvuduko ungana na 7,5 ku gipimo cya Richter

Si ubwa mbere Indoneziya ihekurwa n’ibiza vya tsunami na nyamugigima. Mu 2004, abagera ku 168.000 ni bo bahitanywe n’iyari ifise umuvuduko wa 9,1.ku gipimo cya Richter.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG